Messager Ngozi FC ntigura abakinyi bava muyindi migwi ariko bararamurira iyindi migwi.

Messager Ngozi  imaze kuramurira iyindi migwi yo hanze ahanini nka Zesco United yo mugihugu ca Zambiya, yaguze NSABUMUKAMA Enock na NTIBAHEZWA Diéudonne tutibagiye MIZERO Don Parfait batazira Drogba

Mugihe imigwi iba igeze murwego rwo guserukira igihugu munkino mpuzamakungu z’imigwi yatwaye amahiganwa yiwabo ico twita CAF Champions League ko ica yongereza abandi bakinyi bashasha ndetse bigashika ko bagura n’abakinyi batamenyere mumahiganwa uyo mugwi usanzwe uturukanwo kugira ngo umugwi witegurire izonkino neza gusumba muriryo higanwa rya CAF Champions Leagye, ariko kubwa Messager Ngozi suko bimeze kuko bobo mu migambi bafise niyo kwongereza vyukuri inguvu uyo mugwi ariko atari kugura abakinyi bava hanze y’Academie Le Messager FC, kubwurongoye umugwi wa Le Messager Ngozi MANIRAKIZA Marc Pochen yagize ati « Nivyo ko mu migambi dufise ariyo kwongereza inguvu umugwi wacu kugira ngo uzoserukire igihugu cacu c’uburundi neza cane ariko Messager ntigura abakinyi bava muyindi migwi ahubwo ko turaramurira iyindi migwi.» ivyo  yabishikirije  kuruyu wa gatanu mukiganiro yaduhaye muri Zion Beach.

Mwomenyako umugwi wa Le Messager Ngozi FC ariwo watwaye igikombe ca Primus Ligue Burundi c’umwaka 2017-2018 ukaba uzoduserukira mugikombe c’imigwi yatwaye ibikombe vyamahiganwa yo mubihugu iwabo muri Afrika ico twita CAF Champions League ukaba umaze kuvyumva ko utazogura abakinyi bava muyindi migwi kiretse muri Academy Messager. Tubibutse ko  Messager Ngozi  imaze kuramurira iyindi migwi yo hanze ahanini nka Zesco United yo mugihugu ca Zambiya, yaguze NSABUMUKAMA Enock na NTIBAHEZWA Diéudonne tutibagiye MIZERO Don Parfait batazira Drogba yahoze akinira umugwi wa Meesager Ngozi nawe ari muri Zambiya.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.