Abanyeshuri Biga Muw’Icenda Kuri Uyu Wa Kabiri Batanguye Gukora Ikibazo Ca Leta Kizobaha Uburenganzira Bwo Kuja Mu Gice Ca Kabiri C’Ishure Nshingiro.

Ku biharuro twashoboye kuronka vyerekana ko abanyeshure bari bitezwe baje nka bose kuko hasivye umwe canke babiri.

@VOA Africa

Abanyeshuri biga mu w’icenda kuri uyu wa kabiri batanguye gukora ikibazo ca leta  kizobaha uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri c’ishure nshingiro. Aho twashoboye kugendera nko kuri lycee du Lac ikibazo cagenze neza aho twashika isaha 2 zo mu gatondo twasanze abanyeshuri bose batanguye ikibazo.

Kuri centre suédois aho bamwe bakoreye ico kibazo bamwe mu banyeshure bahakoreye nabo ku mashure ya lycee municipale kanyosha ya mbere nabo kuri kanyosha ya 2 hamwe nabo kuri complexe scolaire de kanyosha. Hakaba hari ibibanza vyo gukoreramwo ico kibazo birenga bitanu kimwe kimwe kikaba cari kirimwo abanyeshuri bari hagati yijana na mirongo itanu na majana atatu. Ku biharuro twashoboye kuronka vyerekana ko abanyeshure bari bitezwe baje nka bose kuko hasivye umwe canke babiri.

Kuri municipal kibenga naho aho twashika igihe c’isaha 6 abanyeshuri bambere bari bahejeje ibibazo vyose vyari bitegekanijwe gukorwa kuri uyu wa kabiri bamwe bakavuga ko vyari vyoroshe abandi bakavuga ko batorohewe cane cane mu cigwa ca sciences humaines. Ngo vyinshi bari bavyize naho sciences humaines yari igoye. Ngo kuwize yagitoye kuwutize nawe vyamugoye.

Tubamenyeshe ko ico kibazo kizomara imisi itatu gushika igenekerezo rya 7 ruheshi

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.