Umumenyereza wa kera wa Muzinga FC yahawe amabanga yo kumenyereza Bugesera FC yo mu Rwanda.

Jimmy Ndayizeye yasubiriye umumenyereza Thierry Hitimana yari amazi amezi 3 amenyereza Bugesera FC ariko ata mwimbu mwiza yawugejejeko

                                                         Ifoto ya RuhagoYacu

Inyuma yo gutandukana n’umugwi wa Espoir FC wo mu gihugu c’urwanda akongera akamara imisi itari mike atakazi yarafise, Jimmy Ndayizeye batazira “Giti” yahawe amabanga yo kumenyereza  umugwi wa Bugesera FC.

Jimmy Ndayizeye yasubiriye umumenyereza Thierry Hitimana yari amazi amezi 3 amenyereza Bugesera FC ariko ata mwimbu mwiza yawugejejeko kuko mu nkino 5 Bugesera FC yakinye yatsinzwe inkino 4 aganya urukino 1 gutyo akaba arasubirijwe.

Umunyamabanga mukuru w’umugwi wa Bugesera FC, Sam Karekezi nkuko yavyiganiye abagenzi bacu bikinyamakuru RuhagoYacu yemeje aya makuru ko bamaze kuzana Jimmy Ndayizeye ariko ikiringo azomara ntaco yamenyesheje ariko bategekanyako uyu mwaka w’inkino urangiye bazoraba aho azoba abagejeje nabo baheze  barabe ikibereye ko bashobora kuzomuha amasezerano aramba muruyo mugwi.

Jimmy Ndayizeye n’umumenyereza w’umurundi amenyereye iryo higanwa  ryo murico gihugu kuko mu mwaka uheze yarafashije umugwi wa Espoir FC gushika murukino rwanyuma rw’igikombe citiriwe Amahoro co murico gihugu nyene, aho yatsinzwe na APR mururwo rukino rwanyuma. Muri Bugesera FC, Jimmy Ndayizeye ahasanzemwo abakinyi babarundi basanzwe bakinira uyo mugwi nka Styve Nzigamasabo na Emery Nimubona batazira “Kadogo” bose bakinira kera umugwi wa Vital’o FC.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.