Aigle Noir FC: Amazina akomeye y’ibihangange bagize uyu mugwi bashizwe kw’isoko.

Abakinyi ba Aigle Noir FC umugwi ubipfuza urashobora kurondera abarongo uyo mugwi kugira ngo batangure ibiganiro.

Umugwi wa Aigle Noir FC y’i Makamba batazira   » THE FIGHTERS » washize ahabona urutonde rw’abakinyi babo bibihangange kw’isoko ryo kugurishwa muyindi migwi yoba ibipfuza. Umugwi uwariwo wose wipfuza abo bakinyi urashobora kuzokwegera abarongoye uyo mugwi kugira ngo bavugane n’abarongoye uyo mugwi igiciro bashobora kubarekurirako, nkuko tubisanga kurubuga ngurukana bumenyi bwa Facebook bwumwe mu barongozi ba Aigle Noir FC, Réverien Ndikuriyo.

Mururwo rutonde yasohoye nkuko tubisanga kuri Facebook yiwe  yarugabuyemwo mu mice ibiri nabo akaba araba bakurikira:

Umuce wa mbere:

1. SHAKA BIENVENUE
2. NDAYISHIMIYE YUSSUFU NYANGE
3. MURYANGO SHABANI MABANO
4. SOULEIMAN MOUSTAFA
5. MAVUGO CEDRIC
6. NDIKURIYO PATIENT

Umuce ugira kabiri:

1. BIGIRIMANA RAMADAN
2. KAMANA ISMAELI
3. NDAYISENGA ELIPHAZ
4. MBAZIMUTIMA BABA
5. RUGONUMUGABO STEPHANE
6. BIZIMANA JOE
7. RUKUNDO TERENCE
8. NDIKUMANA JEAN ETANDO
9. NAHIMANA STEVEN

Réverien Ndikuriyo yarangije amenyesha ko urutonde rwa bano bakinyi bakurikira amazina yabo musi bazoboneka kw’igenekerezo rya 20 Mukakaro inyuma y’urukino ruzohuza Intamba mu Rugamba U20 na Zambie. Nabo naba bakurikira:

1. SHAKA BIENVENUE
2. BIGIRIMANA RAMADAN
3. SOULEIMAN MOUSTAFA
4. KAMANA ISMAELI
5. MURYANGO SHABANI MABANO
6. MAVUGO CEDRIC

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.