Menya imigwi 3 yipfuza Hussein Wello aherutse gusezerera Olympic Star.

imigwi ya Musongati FC, Les Lierres FC na Inter Stars niyo migwi yipfuza Hussein Wello.

     Guhera iburyo Hussein Wello  na Ndikumana Magloire

Uwahoze amenyereza umugwi wa Olympic Star, Nahimana Hussein Wello aherutse gusezerera umugwi wa Olympic Star aripfuzwa n’imigwi 3, muriyo migwi 2 iri mucicaro ca mbere uwundi nawo n’umugwi uheretse gukoroka icicaro.

Amakuru dukesha abegereye uyu mugabo yahoze ari kizigenza wa Inter Stars atumeshako imigwi ya Musongati FC, Les Lierres FC na Inter Stars niyo migwi yipfuza Hussein Wello.

Ayo makuru nyene akemeza ko Les Lierres na Inter Stars niyo migwi  ifise amahirwe menshi yo kuronka uyo mumenyereza kubera ko atipfuza kugaruka kumenyereza mu ntara hagati, imvo nuko ashaka gukorera hafi y’umuryango wiwe uri i Bujumbura ni mugihe Musongati FC ariyo mu ntara ya Gitega.

Bivurwa kandi ko Inter Stars yipfuza guha umushahara mwiza ushobora gutuma Wello yemera kugaruka gufasha uwo mugwi yakinyemwo kera kuraba ko wogaruka mu cicero ca mbere.

Reka dutere turaba iyo bija iyi dosiye tuzobandanya tuyikurikiranira hafi mu makuru yacu yo hanyuma.

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.