Rayon Sports: Abakinyi ba 3 ba barundi bari mubateye umukono k’urupapuro rwo kwanka gukorana n’umumenyereza wuyu mugwi w’igikundiro c’abanyarwanda.

muri runo rutonde rw'abakinyi 20 bateye umukono kuri runo rupapuro dusangamwo abakinyi babarundi 3 bateye umukono  ni Kwizera Pierre Bimenyimana Bon fils Caleb na Shassir Nahimana.

Ifoto Inyarwanda.com

Nkuko vyari bimaze imisi bivurwako hariho urutonde rw’abakinyi bateye umukono kw’ikete ryo kwerekana ko batipfuza kubandanya gukorana n’umumenyereza mukuru wuyo mugwi Ivan Minaert. Urutonde rwabo bakinyi 20 batipfuza gukorana nuyo mumenyereza bamenyekanye nkuko tubikesha ikinyamakuru Inyarwanda.com co mugihugu c’urwanda muri runo rutonde rw’abakinyi 20 bateye umukono kuri runo rupapuro dusangamwo abakinyi babarundi 3 bateye umukono  ni Kwizera Pierre Bimenyimana Bon fils Caleb na Shassir Nahimana. Ico kinya makuru nyene camenyesheje ko nubwo ababakinyi basinye runo rupapuro si kubushake bwabo basinyishijwe kunguvu ndetse bamwe muribo babwiye ico kinyamakuru ko bitabaye.

Urutonde rw’abakinnyi batifuza gukorana n’umumenyereza mukuru wa Rayon Sports.

  1. Ndayishimiye Eric
  2. Manzi Thierry
  3. Mukunzi Yannick
  4. Usengimana Faustin
  5. Rutanga Eric
  6. Niyonzima Olivier
  7. Noya Bayama
  8. Ismaila Diarra
  9. Mugabo Gabriel
  10. Habimana Youssuf
  11. Nyandwi Saddam
  12. Mugisha Gilbert
  13. Irambona Eric
  14. Rwatubyaye Abdul
  15. Mugisha Francois
  16. Mutsinzi Ange
  17. Muhire Kevin
  18. Kwizera Pierre
  19. Bimenyimana Bon-Fils
  20. Nahimana Shassir

Ifoto Inyarwanda.com

Mwomenyako ibintu muri Rayon Sports vyaje kunyunyuka igihe batsindiwe n’umugwi wa Amagaju 2-1 iwabo ikigali gutyo biba biragabanije amahirwe ya Rayon Sports yo guhiganirwa igikombe ca shampiyona yo murico gihugu aho AS Kigali ifata ikibanza ca mbere n’amanota 51 APR ikaza mu ca kabiri n’amanota 50 mugihe Rayon Sports ifise amanota 44.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.