Ibice Birenga 96% Vy’amaraso Nivyo Ikigo Kijejwe Gutororokanya No Gusabikanya Amaraso CNTS Gitanga Mu Bitaro Vyose.

Ibice birenga 96% vy’amaraso nivyo ikigo kijejwe gutororokanya no gusabikanya amaraso CNTS gitanga mu bitaro vyose. Uwurongoye ico kigo mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru agasigura ko ivyo vyatumwe n’abitangira abandi mu gutanga amaraso. Docteur Jean Bosco NDUWARUGIRA akavuga kandi ko ku bijanye nuko Ingene amaraso atangwa mu barwayi mu bice bine vy’igihugu ari  ikibazo camazwe gutunganwa.

Muganga Jean Bosco NDUWARUGIRA avuga ko ico kigo gikorana n’ibindi bigo biri hagati mu gihugu agasigura ko umurwayi ari hagati mu gihugu akeneye amaraso adakenera kurinda kumanuka i Bujumbura. Ngo ico kigo gisahirizwa mu burere bune bw’igihugu n’ibigo vyitwa centres régionaux de transfusion sanguine kimwe kikaba kiri  i Bururi, ikindi mu Cibitoke, ikindi i Gitega, ikindi Ngozi. Ngo nta muntu yova mu gihugu hagati ngo aje i Bujumbura arondera amaraso.

Jean Bosco NDUWARUGIRA yamenyesheje ko Leta yafashe mu minwe ikibazo co gutanga amaraso. Ngo kubera  ko amaraso tuyaronka kuri gusa tuzoyatanga kuri gusa. Ngo ico basaba ni intererano ya bantu ku giciro kingana n’amafaranga leta yatanze kugira igure udufuko two kubikamwo amaraso.

Ngo  rero gushika kuri iyi saha itegeko rigenga ico kigo risaba yuko kugira batange karya gafuko na karya karingoti yuko ico kigo gitegerezwa kugurisha karya gasaho ibihumbi bitanu na karya karingoti ku gihumbi.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.