Ihayanishwa Ry’ibidandanzwa Bihungurirwa Mu Burundi n’Ibihingurirwa Mu Bihugu Bigize Akarere Ry’imisi Itatu Ryatanguye Kuri Uyu Wa Kane Kwi Hotel Club Du Lac Tanganyika

Umwe mubahanisha ivyo bidandazwa ashimishwa nico gikorwa akavuga ko mu misi itatu bazoba bunze ubucuti n’abaje bava hanze y’igihugu.

Ihayanishwa ry’ibidandanzwa bihungurirwa mu Burundi  n’ibihingurirwa mu bihugu bigize akarere ry’imisi itatu ryatanguye kuri uyu wa kane  kwi hotel Club du Lac Tanganyika mu gisagara ca Bujumbura. Uko bishikirizwa n’uwurongoye ishirahamwe ryabafise amahinguriro mu burundi olivier SUGURU ngo iryo hayanishwa ni akaryo kadasanzwe ku bafise amahinguriro mu Burundi ko kumenyekanisha ivyo bahingura no kwunga ubucuti n’ayandi mahinguriro yo mu karere.

Umwe mubahanisha ivyo bidandazwa ashimishwa nico gikorwa akavuga ko mu misi itatu bazoba bunze ubucuti n’abaje bava hanze y’igihugu.

Ku ruhande rw’abaguzi  nabo nyene ngo barashima ico gikorwa co guhayanisha ibihingurirwa mu Burundi ngo  kuko ico gikorwa gituma  hamenyekana intambwe u Burundi bugezeko kandi bigatuma  abaje bava hanze y’igihugu babona yuko bashobora  gukoresha ibintu bihinguriwe mu Burundi.

Kubwa olivier SUGURU ngo yihweje aho abandi bageze ngo u Burundi buri inyuma mugabo  abarundi bariko baragerageza guhamvya ibihugu vyo mu karere.

Tubamenyeshe ko iryo hayanisha ry’ibihingurirwa mu burundi n’ibihingurirwa mu bihugu bigize akarere rizohera kuri uyu wa gatandatu rikaba ari irya mbere riteguwe n’igihugu c’u Burundi.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.