Amateka ateye ubwoba yandikishijwe na Cristiano Ronaldo mu gikombe c’isi yose.

Cristiano Ronaldo yaraye yandikishije amateka akomeye cane ndetse atangaje isi.

Kizigenza wa Portugal, Cristiano Ronaldo ku musi w’ejo murukino rwahujije igihugu ciwe Portugal na Espagne aho banganije 3-3, CR7 wenyene yarinjije ibitsindo 3 (Hat-Trick) ivyatumye yandikisha amwe mu mateka akomeye cane mu kahise ka kino gikombe.

Aya namwe murayo mateka yaraye yandikishije ku musi w ‘ejo nico gihangange, Cristiano Ronaldo afise imipira y’inzahabu 5 (Ballon d’or):

-Cristiano Ronaldo ku myaka 33 n’iminsi 130 abaye umukinyi wa mbere afise imyaka myishi gusumba abandi yinjije ibitsindo 3 (Hat-trick) Mu gikombe c’isi yose (World Cup).

-Cristiano Ronaldo yatsinze ibitsindo 3, Hat-trick igira 51 kuva angitangura gukina umupira wa maguru ndetse niwe yinjije Hat-trick ya 51 y’igikombe c’isi yose.

-Cristiano Ronaldo abaye umukinyi agira 4 atsinze igitsindo mu mahiganwa y’ibikombe vy’isi yose bine (4) atandukanye. Abandi bamaze kubikora (Péle, Miroslav Klose hamwe na Uwe Seeler).

-Cristiano Ronaldo abaye umukinyi wa mbere mu kahise atsinze yikurikiranya mu mahiganwa 8 atandukanye nka (World Cup, European Championships, Copa America).

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.