Ici nico Intamba mu rugamba za bakuze zarushije izabatarenza imyaka 20.

Uburambe no kumenyera amahiganwa nico intamba mu rugamba za bakuze barushije izabatarenza imyaka 20 nkuko vyashikirijwe na Joslin Bipfubusa asanzwe ari umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba U-20.

Murukino rwa kivandimwe Intamba mu rugamba za bakuze batsinze 2-0 izabatarenza imyaka 20, hari kuruyu wa gatandatu ku kibuga c’ikigo kijejwe ubuhinga (CTN) kiri muri zone Ngangara mu gisagara ca Bujumbura, ibitsindo bikaba vyinjijwe na Olivier Bayizera na Shassir Nahimana kuri penalty.

Uburambe no kumenyera amahiganwa nico intamba mu rugamba za bakuze barushije izabatarenza imyaka 20 nkuko vyashikirijwe na Joslin Bipfubusa asanzwe ari umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba U-20.

«Turashimira imana kubona twatanguye neza urukino kandi tururangiza neza ata numwe yakomeretse, kubijanye n’ukuntu twatsindanye nuko umugwi wabakuze washoboye kuronka ibitsindo 2 kubera ko warufise abahungu imbere bafise ukumenyera amahiganwa kandi basanzwe bakina mu mahiganwa akomakomeye. Twebwe twaronse uburyo bwo gutsinda ariko abasatirizi bacu nivyo nibeza ariko bataramenyera niyo mpamvu twaronse uburyo bwinshi bwo kwinjiza ariko tubasha kudatsinda igitsindo nakimwe». Ivyo nivyo vyashikirijwe na Joslin Bipfubusa umumenyereza wa kera wa Messager Ngozi.

Mwomenyako Intamba mu rugamba za batarenza imyaka 20 ziriko ziritegurira urukino ruzobahuza na Zambia mu ntumbero yo kurondera itike zo kuja mu gikombe ca Africa CAN za batarenza imyaka 20 zizobera muri Niger 2019.

Urashobora kandi kumviriza Joslin Bipfubusa kuri Interview twagiranye nawe.

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.