Ingorane Zijanye n’Ibikoresho Vyo Kwubaka Utuzu tw’Idandarizo Nivyo Vyatumye Isango Ryari Ryatanzwa Ryo Kwinjira Amasoko Mashasha Rihinduka.

Ngo nta mudandaza n’umwe azokwinjira mw’isoko nshasha atarariha mairie ya Bujumbura hamwe n’amafaranga ya caution bumvikanye n’ishirahamwe ririko rirabubakikira utuzu twidandarizo.

copyright@iwacu

Ingorane zijanye n’ibikoresho vyo kwubaka utuzu tw’idandarizo hama n’abadandaza batariha amahera yo kugura ivyo bikoresho ngo nivyo vyatumye isango ryari ryatanzwa ryo kwinjira amasoko mashasha rihinduka.

Ivyo vyavuzwe na Ramadhan NKURIKIYE arongoye umugwi ujejwe amasoko mu gisagara ca Bujumbura kuri uyu wa mbere. Akaba yabivugiye mu nama yagiraniye n’abandadanza bo mw’isoko ya kinama aho yabamenyesheje ko ata mudandaza n’umwe azokwinjira mw’isoko nshasha atarariha mairie ya Bujumbura hamwe n’amafaranga ya caution bumvikanye n’ishirahamwe ririko rirabubakikira utuzu twidandarizo.

Tubamenyeshe yuko gushika ubu rero ata sango rishasha riratangwa ryaho ayo masoko azokwinjirirwa.

Tubamenyeshe kandi ko isango ryari ryatanzwe ryari ryo kuwa 30 Rusama uno mwaka.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.