Indwi Yahariwe Amagara y’Abana n’Abavyeyi.

Nkuko biboneka ku matangazo intara y’ubuvuzi ya Bubanza imaze imisi ikwiragiza mu mitumba igize iyo ntara kuva kuri uyu wa kabiri hagiye gutangwa icunyunyu vitamine A Ku bana bose bafise amezi atandatu gushika kubafise amezi 59.

Copyright@UN news

Abana barenga ibihumbi 200 bari hagati y’umwaka n’abandi bana barenga ibihumbi 80 bari hagati ya mezi 6 na 59  batanguye guhabwa ibinini vy’inzoka aho ni mw’isekeza ry’urucanco muri iyi ndwi yahariwe amagara y’abana n’abavyeyi.

Nkuko biboneka ku matangazo intara y’ubuvuzi ya Bubanza imaze imisi ikwiragiza mu mitumba igize iyo ntara kuva kuri uyu wa kabiri hagiye gutangwa icunyunyu vitamine A Ku bana bose bafise amezi atandatu gushika kubafise amezi 59. Bose hamwe bangana 82968 nkuko vyibonekeza mu vyegeranyo twahawe nabajejwe amagara yabantu.

Umuti w’inzoka Abendazole nawo ugiye guhabwa abana bari hagati y’umwaka n’imyaka 14, bakaba bangana ibihumi 211270. N’abavyeyi  bibungeze rero kuva ku mezi ane gushika ku mezi cenda nabone bahabwa uwo muti w’inzoka Albendazole.

Abana bari hagati y’imyaka 5 n’imyaka 14 nabo bazohabwa umuti w’inzoka Praziquantel. Abana  bari hagati y’amezi cumi 18 na 24 nabo ngo bazokingirwa indwara y’agasama nkuko abajejwe amagara y’abantu muri iyo ntara ya Bubanza babimenyesha.

Muganga Joël BIGIRIMANA arongoye intara y’ubuvuzi agasaba ko ata muvyeyi n’umwe yokwirengagiza ico gikorwa mu ntumbero yo kuranduranwa n’imizi indwara zose ziterwa n’inzoka hamwe n’agasama.

Tubamenyeshe yuko iryo rizomara indwi yose.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.