Abakinyi benshi bo muri Aigle Noir na Olympic Star bashimye kwirukira muri Musongati FC.

Musongati FC yasinyishije abakinyi 4 bahoze muri Aigle Noir n'abandi 4 bahoze muri Olympic Star

Umugwi wa Musongati FC wo mu ntara ya Gitega, warashize ahabona amazi y’abakinyi bamaze gusinya amasezerano nuyo mugwi. Amazina agaragara muri runo rutonde benshi nabahoze muri mu migwi ya Aigle Noir na Olympic Star.

Abakinyi bashika kw’icumi na rimwe (11) nibo bamaze gusinyishwa amasezerano muri Musongati FC nkuko tubikesha umunyamabanga mukuru wuyo mugwi Frank Mandela abicishije kurubuga ngurukana bumenyenyi bwiwe bwa Facebook.

Abakinyi 4 murabo mu mwaka uheze bakinira umugwi wa Aigle Noir, Kamana Ismael, Rukundo Therance, Ndikumana Jean Etando hamwe na Ndayisenga Eliphaz. Abandi bashika kuri 4 bahoze bakinira umugwi wa Olympic Star ni Mbazumutima Baba, Bizimana Joe, Pascal Ramadhan na Wilonja Ibrahim mugihe abandi 3 bari basanzwe bakinira uyo mugwi nyene nka Ndizeye Eric, Kandolo Hemed Amissi na Djuma Muhammed.

Muri rusangi urwo nirwo rutonde rw’abakinyi cumi n’umwe bamaze gusinya muruyo mugwi mugihe gushika n’ubu Musongati FC itaramenyesha uwugiye gusubirira uwahoze ari umumenyereza wabo Vivier Bahati, nubwo bivurwa ko Hussein Wello ari ashobora ku musubirira umwanya uwariwo wose.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.