Amafaranga y’Ishure n’Izindi Ntererano Zisabwa Abavyeyi Ngo Bigiye Kunganishwa Haba Ku Mashuri y’Abigenga Canke Ya Leta.

Ngo amategeko ahari gushika ubu ni kubijanye n’amahera arihishwa amashuri ya leta gusa. Bigaca bituma abigenga bashinga amahera yishuri n’izindi ntererano uko bishakiye ivyo navyo bigatuma amashuri yigisha bimwe arihisha amafaranga ku rugero rutari rumwe

Amafaranga y’ishuri n’izindi ntererano zisabwa abavyeyi ngo bigiye kunganishwa haba ku mashuri y’abigenga canke ya Leta. Ivyo biri mu vyemejwe mu nama yabashikiranganji yabaye kuri uyu wa gatatu. Icatumye iyo nteguro yigwa ngo nuko hari amashuri yigenga atoza amafaranga y’umurengera bigatera akajagari mu mashuri atandukanye.

Philipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa leta amenyesha yuko abashikiranji baravye integuro y’itegeko nshikiranganji ringanyisha amahera y’ishuri n’izindi ntererano zisabwa abavyeyi mu mashuri nshingiro nko mu mashuri nshingiro nderabigisha, ay’imyuga, n’ayigisha ivy’ubuvuzi yaba ya Leta canke amashuri y’abigenga imyitwarariko yayo kugira ngo inyigisho zishikire bose.

Ngo amategeko ahari gushika ubu ni kubijanye n’amahera arihishwa amashuri ya leta gusa. Bigaca bituma abigenga bashinga  amahera y’ishuri n’izindi ntererano uko bishakiye ivyo navyo bigatuma amashuri yigisha bimwe arihisha amafaranga ku rugero rutari rumwe. Ivyo rero vyatumye amashuri y’abigenga  akorera kurico gihengeri c’amategeko mu kwegeranya amahera bikaba arivyo biza imbere yo gutanga ubumenyi. Amahera  arihishwa akaduzwa ivyo navyo bigatera ubukene mu miryango.

Kubwa Philipo NZOBONARIBA ngo iyo nteguro yizwe mu nama nshikiranganji yo kwa 14 Ntwarante  2018, aho yari yasubijwe inyuma kugira ngo habanze hirwe urutonde rw’amashuri ari kurugero rumwe mu buhinga ashirwe mu murwi umwe yongere asabwe bimwe.

Philipo NZOBONARIBA yarangije amenyesha yuko Inama y’abashikiranganji yihweje iyo nteguro yashikirijwe hama isanga yarafatiye ku vyari vyarasabwe ica irayemeza.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.