Bumamuru FC iratanguye kwimotereza Primus Ligue Burundi, inyuma yo gutsinda Les éléphants FC.

Bumamuru FC yararonse itsinzi yayo ya mbere mu kurondera itike yo kuduga icicaro.

Murukino rwa mbere rwa majonjora rwakinywe kuruyu wa gatandatu ku kibuga Urunani mu ntara ya Cibitoke, rwahujije umugwi wa Bumamuru FC wo ntara ya Cibitoke hamwe na Les éléphants FC yo mu ntara ya Bubanza mu ntumbero yo kurondera itike yo kuva mu cicaro ca kabiri, Ligue B, kuja mu cicaro ca mbere muri Primus Ligue Burundi.

Urukino rukaba rwarangiye kutsinzi y’umugwi wa Bumamaru FC y’igitsindo kimwe kubusa bwa Les éléphants (1-0). Bumamuru FC ikaba ya koresheje neza ikibuga co muhira kuko mu misi ibiri itarenga Les éléphants nayo nyene muhira i Bubanza izokwakira Bumamuru FC mu rukino rwo gusubiriza.

Tubibutse ko hagati ya Bumamuru FC na Les éléphants FC umugwi uzakuronka itike yo kuduga icicaro ca mbere ivuye mu ca kabiri, uzoba uhambije Rukinzo FC yabaye iyambere w’itsinda A mugihe Kayanza United yabaye iyambere mw’itsinda B gutyo ibe imigwi itatu iheze isubirire imigwi ya Les Jeunes Athletics, Inter Stars na Delta Star yakorotse icicaro.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.