Intamba mu rugamba U-17 wahushuye utababariye umugwi wa Rumonge City U-17.

Rumonge City U-17 yigishijwe umupira wa maguru uko ukinwa n'intamba mu rugamba U-17.

Umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba za batarenza imyaka 17 wanyagiye imvura y’ibitsindo bine kuri kimwe (4-1) umugwi wa Rumonge City U-17 wo mu ntara ya Rumonge.

                                                     Intamba mu rugamba U-17 ku kibuga ca CTN 

Murukino rwa kivandimwe rwahujije umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba za batarenza imyaka 17 hamwe na Rumonge City U-17 rwabaye kuruyu w’imana, ku kibuga co mukigo kijejwe ubuhinga mu Burundi (CTN) kiri muri zone Ngagara mu gisagara ca Bujumbura, urwo rukino rukaba  rwarangiye kunsinzi y’umugwi w’Intamba mu rugamba U-17 y’ibitsindo 4-1 bwa Rumonge City.

                                               Umugwi wa Rumonge City U-17 ku kibuga co kuri CTN.

Mwomenya ko umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba za batarenza imyaka 17 kuva aho waviriye muri CECAFA U-17 mu kwezi kwa Ndamukiza, nuko waregeranijwe hamwe uba murico kigo nyene (CTN), ukaba kandi ubandanya  ukina inkino za kivandimwe n’imigwi itandukanye ndetse uyo mugwi nyene ukaba usanzwe ukina mwihiganwa ryo mucicaro ca 3 (3è Division) yo mugisagara ca Bujumbura mu ntumbero yo gukomeza urwo rwaruka ruzoba Intamba mu rugamba zabakuze mu myaka y’imbere.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.