Inama Koraniro y’Abashikiranganji Bajejwe Akerere ka Africa y’Ubuseruko.

Isabelle NDAHAYO amenyesha yuko ngo nk’uko bisanzwe bitegekanijwe mu mategeko agenga umuryango wa africa y’ubuseruko iyo nama ibera ku ntambwe zitatu.

Kwigira hamwe urugero umugambi w’isoko rusangi uteyeko hamwe n’umugambi wo kuja hamwe kw’ibihugu bigize akarere ka africa y’ubuseruko ni bimwe muvyo abashikiranganji bajejwe ako karere bazokwiga mu nama izobakoraniriza i Bujumbura kuva kuri uyu wa kabiri gushika ku wa gatandatu  wino ndwi. Ivyo bikaba vyashikirijwe kuri uno wa mbere n’umushikikaranganji wa karere ka africa y’ubuseruko Isabelle NDAHAYOO akaba yabishikirije  mu gihe yariko avuga ivyaranzwe ubushikiranganji arongoye mu gice ca mbere c’uno mwaka.

Isabelle NDAHAYO amenyesha yuko ngo nk’uko  bisanzwe bitegekanijwe mu mategeko agenga umuryango wa africa y’ubuseruko iyo nama ibera ku ntambwe zitatu.

Ubwa mbere haraba inama y’abahinga izoba kuva kw’igenekerezo rya 10 gushika igenekerezo rya 12.

Hanyuma hace haba inama  irimwo abanyamabanga ntayegayezwa bavuye mu bihugu bigize  akarere ka Africa y’ubuseruko  nayo izoba kw’itariki 12 gushika itariki 13.

Ubugira gatatu izoba ari inama y’abashikiranganji  izoba kw’itariki 14.

Isabelle NDAHAYOO  yabandanije amenyesha yuko ibizokwihwezwa muri izo nama ubwa mbere hazoba icegeranyo kubijanye ishirwa mu ngiro ry’ingingo zagiye zirafatwa n’inama nshikiranganji  mu bajejwe imigabo n’imigambi  mu muryango wa Africa y’ubuseruko aho bigeze.

Ubugira kabiri hazoba icegeranyo c’ivyaranguwe kuva mu kwezi kwa mukakaro 2017 gushika mu kwezi kwa Ntwarante 2018.

Ubugira gatatu bazokwiga ibijanye n’ishirwa mu ngiro ry’amategeko agenga isoko rusangi y’umuryango w’ibihugu vya Africa y’ubuseruko aho rigeze.

Hanyuma ubugira kane bazokwiga ibijanye n’intambwe umugambi wo kuja hamwe kw’ibihugu bigize Africa y’ubuseruko umaze gushikako uhereye umwaka 2000 gushika umwaka 2018.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.