Musongati FC yasinyishije umukinyi yahora muri Vital’0 FC.

Musongati FC irabandanya yikomeza mu kuzana abandi bakinyi bashasha boza gufasha uyo mugwi kwandikisha amateka.

Mw’ijoro ryo kuruyu wa gatatu niho umugwi wa Musongati FC washize ahabona ko wagiranye amasezerano n’umukinyi Kasindi Joseph batazira « Jeff » yahora akinira umugwi wa Vital’0 FC.

Kashindi Joseph aje kwiyongera mu bandi bakinyi benshi bamaze  kugirana amasezerana na Musongati FC nka: Akimana Trésor na Fabrice Girukwishaka Fafa yahora muri Olympic Star.

Kashindi Joseph mu mwaka uheze yakinira umugwi wa  Vital’0 FC yawukiniye  ikiringo c’umwaka umwe uburero akaba yungururije muri Musongati FC.

Umugwi wa Musongati FC ubaye umugwi wiwe ugira kane Kashindi Joseph amaze gucamwo. Amaze guca mu migwi nka Inter Stars, LLB na Vital’0 FC.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.