Yvan Rugumandiye agiye gukinira umugwi uzokina Primus Ligue Burundi.

Rugumandiye yvan, agiye kugaruka mu Burundi ahanini mu mugwi uzokina Primus Ligue inyuma yo kumara ikiringo c'umwaka umwe muri Mbao FC

Umunyegori yahora asamira umugwi wa Mbao FC wo mugihugu ca Tanzaniya, Rugumandiye yvan agiye gukinira umugwi wa Kayanza United wo mu ntara ya Kayanza uherutse kuduga mu cicaro ca mbere.

Amakuru dukesha abegereye uyo munyegori wa kera wa Musongati FC atumenyesha yuko umugwi wiwe wamureze wa Kavumu FC washimye kumugurisha burundu mu mugwi wa Kayanza United ayo makuru nyene akabandanya amenyesha ko uyo munyegori yoba yagurishijwe burundu muruyo mugwi ku kiguzi c’imiriyoni hagati ya 2 na 3 za mafaranga ya marundi.

Mwomenyako Rugumandiye yvan yasamiye umugwi wa Mbao FC ikiringo c’umwaka umwe ntarengwa kuko yagiye muruyo mugwi avuye muri Musongati FC hari mu mwaka w’inkino wa 2016-2017.

Rugumandiye yvan, umugwi wa Kayanza United urashobora kuba umugwi wiwe ugira gatandatu agiye gukinira, inyuma yo guca mu migwi itandukanye nka Mbao FC, Musongati FC, Muzinga FC, Flamingo FC hamwe na Kavumu FC umugwi wiwe wamureze. Yvan Rugumandiye mu mugwi wa Mbao FC mu gihugu ca Tanzania

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.