Burundi U-20, ukuguru kumwe kumaze kuja hanze y’igihugu ca Niger ahazobera CAN U-20 muri 2019.

Intamba mu rugamba U-20 inyuma yo gutsindwa n'igihugu ca Zambia U-20 ukuguru kumwe kumaze kuja hanze y'igihugu ca Niger ahazobera inkino za CAN U-20 muri 2019.

Murukino rwa mbere rwo mwituru yanyuma yo kurondera itike yo kuja muri CAN 2019 izobera mu gihucu ca Niger, Umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba ya batarenza imyaka 20 yasinzwe n’igihugu ca Zambia U-20 igitdindo kimwe ku busa (1-0).

Mururwo rukino rwabereye mu gihugu ca Zambia ku kibuga citwa Nkoloma Stadium kuruyu wa gatandatu, nuko ivyo bihugu vyose vyagerageje gukina mu gice ca mbere ndetse bija mukaruhuko bikiri (0-0), ariko mu gice ca kabiri Zambia ironka igitsindo murico gice gutyo ibikesheje umusatirizi wa bo azwi kw’izina rya Lameck Banda asanzwe akinira umugwi wa Zesco United, urukino rurangira Zambia U-20 ikoresheje neza ikibuga co muhira mu gutahukana itsinzi yico gitsindo kimwe ku busa bw’intamba mu rugamba U-20 (1-0).

Intamba mu rugamba bizoyisaba gukora bihagije mu rukino rwo gusubiriza ruzoba  inyuma y’indwi imwe gusa aho uzokwakira igihugu ca Zambia U-20 ku kibuga Urukundo mu ntara ya Ngozi bikazoyisaba ko itsinda 2 canke birenga ku busa kugira ngo ironke uburenganzira bwo kuja mu nkino z’igikombe ca Afurika zabatarenza imyaka 20 zizobera mu gihugu ca Niger muri 2019.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.