Intamba mu rugamba U-17 yanyagiye, irakubita itababariye umugwi wa Les Lierres FC.

Vivier Bahati kuruhande rumwe yaryohewe kurundi ruhande aramara mara mugihe ariwe amenyereza Intamba U-17 hamwe na Les Lierres FC yanyagiwe.

Murukino rwa kivandimwe rwabaye kuruyu wa gatandatu ku kibuga co mukigo kijejwe ubuhinga (CTN) umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba abatarenza imyaka 17 banyagiye imvura y’ibitsindo bi tanu kuri kimwe (5-1) umugwi wa  Les Lierres FC wo mucicaro ca mbere, usanzwe umenyerezwa na Vivier Bahati cokimwe nuwo mugwi w’intamba mu rugamba U-17 niwe ayiramutswa.

Abakinyi binjirije Intamba mu rugamba zabatarenza imyaka 17 uyu musi ni: Bukuru Samir batazira Kagabo, Mugisha Axel, Nibikora Arthur asanzwe ari kizigenza w’intamba mu rugamba U-17, Iratanga Flavier hamwe na Mudengeri Athuman batazira Galon yinjije igitsindo ca nyuma caciye gihamba burundu uyo mugwi wa Les Lierres FC wo mu cicaro ca mbere.

Mwokwibuka ko Intamba mu rugamba ije gukora ivyo inyuma yo gutsinda umugwi wa Rumonge City U-17 ibitsindo 4 kuri 1, hari mundwi iheze kurico kibuga nyene.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.