Umusi Mpuzamakungu wahariwe Umwigeme n’Ubuhinga Bwa None

Ku kibazo kijanye n’urugero abigeme bo mu burundi bagezeko mu bijanye ivyo gutumanako amakuru r ngo biraboneka yuko kazoza k’urwaruka ari keza. Ngo urugero rwo gutumatumanako amakuru mu bigeme rugeze kure mugabo abashikira ubwo buhinga bwa none ni bake.

Ubuhinga ngurukana bumenyi ngo bufise akamaro ntangere mw’iterambere ry’igihugu iyo bukoreshejwe neza ivyo bikaba vyashirijwe kuri uyu wa gatano  n’umushikiranganji w’urwaruka  ama poste n’ubuhinga bwanone mu ntumbero yo guhimbaza umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe umwigeme n’ubuhinga bwa none mu guhanahana amakuru. Evelyne BUTOYI  yabishikirije kuri uyu wa gatano kuri hotel Royal Palace i bujumbura aho  hatorwa uwo bise Miss technochologie 1ere edition, igikorwa categuwe n’ubushikiranganji bw’indero bufadikanijwe na Burundi Innovation Hub.

 

Kubwa Evelyne Butoyi ngo ico gikorwa cari igikorwa ciza cane kuko cerekanye yuko  uno musi u Burundi bufise abigeme bahabona, bazoshikana igihugu kure kuko ari abigeme bamenyereye cane gukoresha ubuhinga bwa none. Abigeme bari bitavye ivyo bikorwa bakaba bashikirije imigambi yabo ijanye n’ivy’ubuhinga bwa none nk’imigambi yo kworohereza abantu  mu bijanye n’imigambi yo kwiyunguruza, imigambi ijanye n’amagara y’abantu, imigambi yo kworohereza  abantu mubijanye no kumenya  imico y’ikirundi  ingene yotezwa imbere.

Ku kibazo kijanye n’urugero  abigeme bo mu burundi bagezeko mu bijanye ivyo gutumatumanako amakuru ngo biraboneka yuko kazoza k’urwaruka ari keza. Ngo urugero rwo gutumatumanako amakuru mu bigeme rugeze kure mugabo abashikira ubwo buhinga bwa none ni bake.

Evelyne BUTOYI yarangije ahamagarira urwaruka gukoresha ubuhinga bwa none  mu bintu bishobora kubateza imbere

Tubamenyeshe yuko  ico gikorwa ca Miss techonologie cabaye inyuma y’inyigisho zahawe abigeme 100 kuvyerekeye  imigambi ijanye n’ubuhinga bwa none.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.