Umushikiranganji w’Amagara y’Abantu Hamwe n’Ishirahamwe Mpuzamakungu Ryitaho Amagara y’Abantu OMS Bamenyesheje Yuko Umugera w’Indwara ya EBOLA Wahora ku Birometero 2000, muri RDC, Ugeze ku Birometero 400 wegereza u Burundi.

Ikindi naco yasavye abanyagihugu nuko bogira isuku na cane cane mu gukaraba amazi n’isabuni.

copyright@Burundi Eco

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buhamagarira abantu bafise ibimenyetso nko gushuha canke gucibwamwo kunyarukira kwa muganga bagapimwa. Ivyo yabivugiye mu kiganiro ku bamenyeshamakuru umushikiranganji w’amagara y’abantu hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS bamenyesheje yuko umugera w’indwara ya EBOLA wahora ku birometero 2000 (2000 km) muri RDC ugeze ku birometero 400(400 km) wegereza u Burundi.

Kubwa  Thadée NDIKUMANA  ngo ikiza ca EBOLA cari cateye muri Equateur hari ku birometero birenga 2000 uvuye ngaha mu burundi ubu kigeze ku birometero 400(400 km) cegereza u Burundi.  Ngo u Burundi butegerezwa gufata ingingo zirengeye izo bwari bwafashe kugira bukingire abenegihugu.

Ngo kubera nkuko hasanzwe hariho imigenderanire hagati y’igihugu cacu n’uburere bw’ubuvuzi buri muri Sud Kivu  hamwe no muri Nord Kivu ivyo bigasaba yuko abenegihugu  bamenya ingene indwara ya EBOLA  itera n’ingene bokwifata kugira ngo  dushira hamwe turabe yuko mu kubandanya imigenderanire myiza hamwe no kuraba ingene abenegihugu binjira canke basohoka.

Thadée NDIKUMANA  yarangije atera akamo abenegihugu kugira ngo hagize uwubona awufise ikimenyetso  c’indwara iyariyo yose ko yoja kw’ivuriro kugira ngo ntihabe uwogeregeza kuja kwa rumenyi canke ngo wenyene yivure kuko bisaba yuko naho yobona afise ubushuhe canke abona afashwe n’indwara yo gucibwamwo canke ariko arasusumira canke agacika intege yokwihutira kuja kwa muganga.

Ikindi naco yasavye  abanyagihugu nuko bogira isuku na cane cane mu gukaraba amazi n’isabuni.

Ngo kandi mu kubandanya imigenderanire myiza u Burundi bufitaniye nib’ibihugu vyo muri aka karere boza baramenyesha umwenegihugu  yoba yabagendeye kugira ngo abajejwe intwaro nabajejwe ubuvuzi bamenye bati hari abenegihugu bo muri Congo, bo mu Buganda canke mu Rwanda baraye mu Burundi.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.