Abanyeshure Bo Myaka y’Icenda Bakoreye Ca Kibazo Ca Leta kw’Ishure Ry’imyuga Rya Mitakataka Mu Ntara Ya Bubanza Bahamagarirwa Gutonda Kuri Iryo Shuri Kuri Uyu Wa gatanu Gusubiramwo Ibibazo Vya Sciences Humaines Na Entrepreneuriat

Ngo icatumye basubiramwo ico kibazo, Philibert HABONIMANA amenyesha yuko hariho abantu bafunzwe uwari arongoye iyo centre ya Mitakataka n’umuyobozi w’ishuri rimwe muri ayo mashure, umuyobozi w’ishure nshingiro rya Gahongore bagirijwe ubusuma yuko bakoreye abana bariko barakorera kuri iyo centre.

Abanyeshure bo myaka y’icenda bakoreye ca kibazo ca leta kw’ishure ry’imyuga  rya Mitakataka mu ntara ya Bubanza bahamagarirwa gutonda kuri iryo shuri kuri uyu wa gatanu gusubiramwo ibibazo vya sciences humaines na entrepreneuriat. umuyobozi w’indero n’inyigisho muri iyo ntara, Philibert HABONIMANA agasaba uwari we wese kubimenyesha abanyeshure begwa n’ivyo bibazo.

Kubwa  Philibert HABONIMANA  ngo ivyo bibazo  vyerekeye amashuri ashika kuri ane yakoreye kw’ishuri ry’imyuga rya mitakataka. Ngo hariho ishuri nshingiro  rya Gatura, ishure nshingiro rya Mitakataka ishure nshingiro rya Gahongore hamwe na ishure nshingiro rya Randa.

Ngo icatumye basubiramwo ico kibazo, Philibert HABONIMANA amenyesha yuko  hariho abantu bafunzwe uwari arongoye iyo centre ya Mitakataka n’umuyobozi w’ishuri rimwe muri ayo mashure, umuyobozi w’ishure nshingiro rya Gahongore bagirijwe ubusuma yuko bakoreye abana bariko barakorera kuri iyo centre. Urubanza rwaraciwe abo bayobozi barafunzwe. Ngo nivyo vyatumye abo bana basubiramwo ivyo bibazo vyoba vyaribwe.

Tubamenyeshe yuko itangazo rihamagarira abanyeshure guja gusubiramwo ivyo bibazo riguma rica kuri radio Nderagakura.

 

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.