Burundi: Saido Berahino ari murutonde rw’abakinyi 43 bahamagawe na Alain Olivier Niyungeko kuza kwitegurira igihugu ca Gabon.

Amazina y'abakinyi 43 b'Intamba mu rugamba za bakuze bahamagawe kugira baze bitegurire igihugu ca Gabon bamenyekanye.

Umumenyereza mukuru w’Intamba mu rugamba za bakuze, Alain Olivier Niyungeko « Mutombora » arikumwe na Staff yiwe ijejwe ubuhinga bashize ahabona amazina y’abakinyi 43 boza gutangura imyimenyerezo yo kwitegurira umugwi nserukira gihugu wa Gabon mu ntumbero yo kurondera itike ya CAN 2019, urukino rutegekanijwe muri Nyakanga uno mwaka nyene. Murabo bakinyi bahamagawe 17 basanzwe bakina mu migwi ya hano iwacu mu Burundi, ni mugihe abandi 26 basanzwe bakina mu karere eka mbere no ku mugabane wa buraya, murabo izina rya Saido  Berahino aherutse kwemererwa na FIFA rikaba ririmwo.

Abakinyi 17 bakinira mu Burundi:

1.Nahimana Jonathan/ Vital’o Fc
2.Rukundo Onesime/Messager Ngozi
3. Ndaye Chancel/Rukinzo  FC
4. Mubango Trésor/Musongati
5. Ndoriyobija Eric /LLB S4A Stand Utd
6. Mustapha Selemani / Aigle Noir
7. Bigirimana Ramadhan / Aigle Noir-Stand Utd
8. Kiza Fataki / Vital’o Fc
9. Muryango Mabano /Aigle Noir
10. Ndayishimiye Yussuf Nyange/ Aigle Noir
11. Akimana Trésor / Musongati Fc 
12.Mbirizi Eric / Buja city – Stand United
13. Kanakimana Bienvenue/ Aigle  Noir
14. Idi Museremu / Messager Ngozi
15. Bayizere Olivier / Messager Ngozi
16. Urasenga Cédric Dany Kagabo / Messager Ngozi 
17. Ndizeye Seif Thomson/ LLB S4A

Abakinyi 26 basanzwe bakinira mu migwi yo mukarere eka n’iburaya:

1. Ndikumana Justin batazira Kabengele / Fc Lupopo – RDC 
2. Hezwa Dieudonné / Zesco United – Zambia
3. Nsabiyumva Frédéric / Chippa United – South afrika
4. Nshimirimana David / Mukura Victory sport- Rwanda 
5. Moussa Omar / Ac Léopards – Kenya
6. Ngando Omar/ As Kigali- Rwanda
7. Nduwarugira Christophe / Uniao de Madeira- Portugal
8. Harerimana Rachid Léon / LLB S4a – Rayon sports.
9. Ndikumana Trésor / Amagaju Fc- Rwanda
10. Kwizera Pierre / Rayon sports- Rwanda
11. Duhayindavyi Gaël / Mukura Victory sport- Rwanda
12. Nahimana Shasir / – Oman
13. Bigirimana Gaël / Motherwell-Ecosse
14. Amissi Cédric / Al-Taawoun – Arabia Saoudite 
15. Mustafa Francis / Gor mahia – Kenya
16. Saido Berahino / Stoke city – England
17. Mavugo Laudit / – 
18. Abdoul Fiston / JS Kabylie – Algeria
19. Shabani Hussein/ Baroka Fc – South afrika
20. Shaka Bienvenue / Étoile du Sahel – Tunisia
21. Ndikumana Yamin Selemani / El Messaimer – Qatar
22. Ngama Emmanuel/ As Kigali – Rwanda 
23. Kitenge Alexis / Stand United – Tanzania
24. Barirengako Franck / Musanze Fc- Rwanda
25. Ndarusanze Jean-Claude / As Kigali – Rwanda
26. Nsabumukama Enock / Zesco United – Zambia.

Imyimenyerezo ikaba itegekanijwe gutangura kuva kw’itariki 9 Myandagaro 2018, ku kubuga kiri mu kigo kijejwe ubuhinga CTN.

Mwokwibuka ko Intamba mu rugamba Senior, iri mw’itsinda rimwe n’ibihugu nka Mali, Gabon na Soudan Du Sud ni mugihe Uburundi bumaze gukina urukino rumwe bukaba bwaratsinze Soudan Du Sud ibitsindo tatu ku busa (3-0) urukino rwabereye i Bujumbura.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.