Ikibazo Gitanga Uburenganzira Bwo Kubandanya Inyigisho Za Kaminuza Catanguye Kuri Uyu Wa Kabiri mu Gihugu Cose.

Janvière NDIRAHISHA yarangije ahanura abanyeshuri bariko barakora ico kibazo kwirinda kwerekana inyishu kuko uwuzofatwa azohanwa bimwe vyakarorero.

Ikibazo gitanga uburenganzira bwo kubandanya inyigisho za kaminuza catanguye kuri uyu wa kabiri mu gihugu cose. Umushikiranganji w’indero aho yari yishikiye kuri lycée notre Dame de Rohero kwirabira uko ico kibazo cariko kirakorwa yahanuye abanyeshuri kutarabiranirako ngo uwuzofatwa akaba atazobandanya gukora.

Aho twashoboye guca ico kibazo cariko kiragenda neza. Kuri lycée du lac Tanganyika hakaba hariko harakorera abanyeshure 1764 bavuye ku mashure 9. Nayo kuri lycée notre Dame de Rohero aho umushikiranganji w’indero yari yishikiye kuraba ingene ico kibazo kiriko kiragenda hakoreye abanyeshure 561 bavuye ku mashure 5. Janvière NDIRAHISHA yamenyesheje ko ico kibazo kiriko kiragenda neza agahanura abanyeshure batubahirije ingingo y’ubushikiranganji kwikubita agashi atari uko ntibazokwemererwa kubandanyanya bakora ico kibazo.

Janvière NDIRAHISHA yamenyeshe yuko abanyeshure bari bababwiye ko bategerezwa kwubahiriza itegeko rigenga indero mu mashure yose haba ya leta canke y’abigenga.

Uwo mushikiranganji yamenyesheje kandi yuko  basanzeho abigeme n’abahungu batitunganije ariko ko kubera ari umusi wa mbere babaretse ariko ejo bagarutse uko bari batazogaruka gukora.

Janvière NDIRAHISHA  yarangije ahanura  abanyeshuri bariko barakora ico kibazo kwirinda kwerekana inyishu kuko uwuzofatwa azohanwa bimwe vyakarorero.

Ku bigisha nabo, umushikiranganji w’indero akabasaba kuzokosora ivyo bibazo mu bwitonzi ntangere ata we barenganije.

Tubamenyeshe ko ico kibazo catanguye kuri uyu wa kabiri kizorangira ku musi wa 4.

 

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.