Umugwi wa Musongati FC wahaye icigwa Messager Ngozi mu rukino rwa kivandimwe.

Umugwi wa Musongati FC mu nkino zi tanu za kivandimwe umaze gukina umaze gutsinda inkino zi biri, utsindwa 1, unganya inkino 2.

Umugwi wa Musongati FC wahaye isomo rikomeye cane ry’ibitsindo bine ku busa (4-0) batsinda  umugwi wa Messager Ngozi FC, mu rukino rwakivandimwe rwabaye  kuruyu wa gatatu ku kibuga Ingoma mu ntara ya Gitega. 

                                                                    Www.magaratimes.Com

Irakoze Saidi niwe yabereye ifuro ry’igiti Messager Ngozi FC kuko yinjije ibitsindo bi biri wenyene ica mbere n’icakabiri, Ndikumana Chris umukinyi akina kuruhande rw’ibubamfu, n’umukinyi mushasha muri Musongati FC yahora mu mugwi wa Magara Star yinjiza igitsindo ca gatatu gutyo igitsindo ca kane Messager Ngozi FC baritsinda urukino iminota mirongo icenda irangira Messager Ngozi FC itsinzwe 4-0.

Mwomenyako umugwi wa Musongati FC umaze gukina inkino zishika kuri zi tanu za kivandimwe murizo bamaze gutsinda 2, batsindwa 1, banganya 2. Bikaba bitegekanijwe ko bakina urukino rwabo rwanyuma rwa kivandimwe kuruyu w’imana aho bazotana mu mitwe na Vital’0 FC.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.