Menya imigwi Chris Ndikumana yaciyemwo mugihe atari bwaze gukinira Musongati FC.

Chris Ndikumana amaze kugira abakunzi batari bake mu mugwi wa Musongati FC mugihe yari yaje kugeragezwa.

Umukinyi Chris Ndikumana asazwe ari umukinyi akina inyuma kuruhande rw’ibubamfu, murikino gihe ari mu mugwi wa Musongati FC, aho ariko arigaragaza cane mu nkino Musongati FC iriko irakina zo kwitegurira ihiganwa rya Primus Ligue ririfafi yo gutangura.

                 Chris Ndikumana ku kibuga Ingoma mu rukino rwariko rubahuza na Messager Ngozi

Chris Ndikumana kuruyu wa gatatu yarinjirije umugwi wiwe mushasha, Musongati FC, igitsindo ca gatatu igihe wariko uratana mu mitwe na Messager Ngozi FC ku kibuga Ingoma urukino rwarangiye Musongati FC itsinze 4-0 Messager Ngozi FC. Gutyo abakunzi benshi ba Musongati FC urukundo rwabo kuruyu musore ruca ruriyongera ndetse bamwe murabo bakaba bipfuza kumenya imigwi yagiye aracamwo kugira ngo ashike muri Musongati FC.

Chris Ndikumana yahora mu mugwi wa Magara Stars wahora ukina mu cicaro ca kabiri, Ligue B, inyuma yaho gato yari yaraciye mu mugwi wa Rumonge City «The Warriors» wo mu ntara ya Rumonge, yawukiniye ikiringo c’umwaka umwe gusa. Uyu mukinyi, asanzwe afise amamuko yo mugihugu ca Congo RDC, umugwi wiwe yatanguriyemwo gukinira hano iwacu, n’umugwi w’Abawigeze FC uhinduka Nyanza United ukiri mu cicaro ca mbere hama ugurwa na Magara Stars « The Fishermen » nawe aba umukinyi wa Magara Stars kuko Nyanza United FC yagurishije n’abakinyi.

Mwomenyako Chris Ndikumana yaje muri Musongati FC kugeragezwa ariko murunomwanya akaba amaze kwemeza indongozi zuyo mugwi ndetse n’umumenyereza hamwe n’abakunzi buyo mugwi.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.