Menya abakinyi 5 binyuma umugwi wa Manchester United wagerageje kugura biranka.

Umugwi wa Manchester United mercato yarangiye itaguze umukinyi n'umwe w'inyuma mubo yariko irarondera.

Mugihe idirisha ry’igura n’igurishwa ku mugabane wa buraya ryugawe kuruyu wa kane, Umugwi wa Manchester United umenyerezwa na José Mourihno wari waragerageje kurondera abakinyi binyuma batandukanye ariko biranka ko babaronka bivuye kumvo zitandukanye.

Abo bakinyi ba tanu, basanzwe bakina mu bibanza vy’inyuma, Manchester United yari yaragerageje biranka ko babaronka ni: Yerry Mina yaciye ashima kuja muri Everton, Harry Maguire umugwi wiwe Leicester City waranse kumutanga ndetse basaba amafaranga menshi Manchester United kugira bamurekure, Toby Alderweireld atashimye kuva muri Tottenham n’ubwo adakinishwa bihagije na Mouricio Pochettino, Jérôme Boateng we yahaye amahirwe Paris St Germain yo kumugura gusumvya Manchester United, Diego Godin atashimye kuva muri Atletico Madrid, ku munota wa nyuma barondera Rafael Varane ndetse batanga amafaranga menshi, imiriyoni 111 za ma nyaburaya ariko Real Madrid ivya mirira kure.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.