CECAFA U-17: Intamba mu rugamba U-17 zatsinzwe n’igihugu ca Tanzaniya mu rukino rwayo rwa mbere.

Intamba mu rugamba U-17 zatanguye zinyerera imbere y'igihugu cakiriye amahiganwa ya Cecafa U-17, Tanzaniya.

Mu nkino za Cecafa za batarenza imyaka 17 zatanguye icese kuruyu wa gatandatu mu gihugu ca Tanzanie, Intamba mu rugamba za batarenza imyaka 17 zikaba zihejeje gutsindwa ibitsindo bi biri kuri kimwe (2-1), n’igihugu ca Tanzanie cakiriye ayo mahiganwa.

 

                 Serengeti Boys hamwe n’Intamba mu rugamba kuri National Stadium i Dar es Salam

Tanzaniya, Serengeti Boys basanzwe bafise kino gikombe nibo batanguye kwinjiza ku munota wa 10′ babifashijwe na Kelvin John, hama Arthur Nibikora kizigenza w’Intamba mu rugamba arakigombora ku munota wa 19′ haciye iminota indwi gusa Agir Ngonda yinjiriza Serengeti Boys igitsindo ca kabiri, gutyo iminota mirongo icenda irangira, Tanzaniya ifise ibitsindo 2 kuri kimwe c’Intamba mu rugamba.

Muri rino tsinda rya mbere (A) Intamba mu rugamba, zisanzwe zirimwo, habaye urundi rukino Urwanda rwanyagiye imvura y’ibitsindo bi tatu kuri kimwe igihugu ca Soudan (3-1).

Intamba mu rugamba U-17 zizoca zisubira gukina urundi rukino kuruyu wa mbere zikazotana mu mitwe n’igihugu c’Urwanda.

Mwokwibuka ko igihugu kizotwara Cecafa U-17 arico kizoca giserukira akarere ka afrika y’ubuseruko mu gikombe ca afrika ca batarenza imyaka 17 kizobera mugihugu ca Tanzaniya 2019.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.