Mbaya Francis ahejeje guha Mukura Victory igikombe c’amahoro mu Rwanda atsinze Rayon Sports.

Haringingo Mbaya Francis aje guha umugwi wa Mukura Victory kino gikombe aho hari haciye  imyaka 28.

Umumenyereza w’umurundi Haringingo Mbaya Francis amenyereza ikipe ya Mukura Victory yo mugihugu c’Urwanda ahejeje kuronsa, uyo mugwi igikombe c’amahoro atsinze ikipe ya Rayon Sports kuri penalty (3-1) inyuma yo kunganya ubusa ku bundi (0-0) mu minota 90′.

                                        Haringingo Mbaya Francis Ifoto ya Ruhagoyacu

Uyu mumenyereza wa kera w’ikipe ya Vital’0 FC, Haringingo Mbaya Francis aje guha umugwi wa Mukura Victory kino gikombe aho hari haciye  imyaka 28 uyo mugwi udatwara igikombe icarico cose. Mukura Victory isanzwe ikinamwo abakinyi benshi ba hano iwacu nka Gael Duhayindavyi, Christophe Ndayishimiye, Kiza Hussein, Kevin Hakizimana, Iragire Saidi n’abandi benshi, ukaba ugiye guserukira igihugu c’Urwanda mu  mahiganwa y’imigwi yatwaye ibikombe mu bihugu vyabo muri Afrika (Coupe de la Conféderation).

Haringingo Mbaya Francis hano iwacu amaze kumenyereza imigwi nka Vital’0 FC, Flamingo hamwe na Dynamo FC.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.