Musongati FC yatsinze Vital’0 FC, Messager Ngozi FC nayo irahushura Aigle Noir FC.

Mu nkino za kivandimwe zabaye kuruyu w'imana Vital'0 FC ku kibuga ingoma ntivyagenze neza, Messager Ngozi FC inyuma yo gutsindwa na Musongati FC yihaniye Aigle Noir FC.

Inkino za kivandimwe zo kwitegurira Primus Ligue Burundi zabaye kuruyu w’imana ku bibuga bitandukanye vyo mugihugu, nko ku kibuga Ingoma mu ntara ya Gitega habereye inkino zi biri, rumwe rwakinywe igihe c’isaha umunani (14h) rwa hujije umugwi wa Musongati FC wakiriye Vital’0 FC, urukino rukaba rwarangiye kuntsinzi y’umugwi wa Musongati FC y’igitsindo kimwe ku busa (1-0) igitsindo cinjijwe na Pascal Ramadhan. Urwo rukino rwabaye  urugira gatandatu rwa kivandimwe umugwi wa Musongati FC ukinye, murizo nkino ukaba umaze gutsinda inkino 3, unganya 2, utsindwa 1.

                                                                     Www.magaratimes.com

Urundi rukino rwaciye ruba igihe c’isaha icumi (16h) kurico kibuga nyene, rwahujije umugwi wa Messager Ngozi FC hamwe n’umugwi wa Aigle Noir FC urukino rwarangiye kuntsinzi ya Messager Ngozi FC ihushuye Aigle Noir FC ibitsindo bi biri ku busa (2-0). Ibitsindo vyinjijwe na Nizigiyimana Ismail Semene na Ibrahim Karikera batazira « N’golo Kanté ». Messager Ngozi ikaba ije gutsinda inyuma yo gutsindwa na Musongati FC hari mundwi iheze ibitsindo 4-0.

Mu ntara ya Ngozi, habaye urundi rukino rwa kivandimwe rwahujije umugwi wa Ngozi City watanye mu mitwe na Kayanza United urukino rwarangiye kuntsinzi ya Ngozi City y’ibitsindo bi biri kuri kimwe ca Kayanza United.

Mwokwibukako ihiganwa rya Primus Ligue Burundi risigaje imisi itandatu gusa kugira ngo ritangure icese mu mwaka yaryo w’inkino wa 2018-2019.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.